Uko wahagera

Inama ya G7 Izoba mu Buryo bwa Videwo Conference Kubera Corona


TRUMP POLITICA EXTERIOR

Perezida wa Reta zunze ubumwe z'Amerika Donald Trump yahagaritse inama y’abakuru b’igihugu 7 bitunze kurusha ibindi vya G7 kubwo ikiza ca Corona.

Ibiro vyiwe, White House vyashikirije kuri uyu wa kane ko iyo nama yategekanywa kuzobera i Camp David mu micungararo ya Washington mu kwezi kwa gatandatu izoba, ariko hakoreshejwe ubuhinga video conference.

Umuvugizi w’ibiro vya perezida avuga ko ivyo bikozwe kugira abo bategetsi bacungure uburyo bw’amafaranga kubwo amagara y’abanyagihugu bavyo muri iki gihe amakungu ari mu bibazo vy’ubutunzi kubwo ikiza ca Corona.

Ibihugu vya G7 bitunze kurusha ibindi kw’isi ni Ubwongereza, Canada, Ubufaransa, Ubudagi, Ubutaliyano, Ubuyapani na Reta zunze ubumwe z’Amerika.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG