Uko wahagera

Umugera wa Corona Ushobora Kumara Iminsi 3 Hanze y'Umuntu Utarapfa


España
España

Umugera wa Corona/COVID19 ushobora kuba ku kintu canke mu kirere amasaha atari make, ivyo vyatangajwe n’abashakashatsi bo muri Reta zunze ubumwe z'Amerika mu cigwa basohoye kuri uyu wa kabiri.

Ico cigwa casohorewe mu kinyamakuru The New England Journal of Medicine (NEJM) co muri reta ya Massashussets cakozwe n’abashakashatsi bo mu kigo c’Amerika kijejwe gukinga no kurwanya ingwara (CDC), bafadikanije na Kaminuza zo muri California, Los Angeles na Princeton.

Uwo mugera ushobora kumara imisi ibiri kuri itatu kuri plastike canke ku Cuma, n’amasaha arenga 24 kw’ikarato.

Ibi bije gushimangira ibishikirizwa n’abajejwe amagara y’abantu kubijanye nuko abantu batoza baregerana, kwirinda kwikora mu maso, gukorora canke kwimyira wipfutse ku munwa, hamwe no guhanagura ibintu ukeka ko abandi bakozeko.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG