Uko wahagera

Rwanda: Abanduye Corona Bashitse ku 7


Rwanda Corona
Rwanda Corona

Mu Rwanda abamaze kugaragara ko banduye umugera wa Corona baduze gushika ku ndwi. Mw’itangazo ry’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu ryasohowe kuri uyu wa mbere, abandi bantu babiri banduye batangajwe.

Abo biyongereye kuri batanu bari basanzwe bazwi. Ni umunyarwandakazi w’imyaka 32, umugabo wiwe yapimwe basanga yaranduye kandi aheruka kugira ingendo muri Fiji, Amerika na Qatar. Uwa kabiri ni umugabo w’Umudagi w’imyaka 61 yinyije mu Rwanda itariki 13 z’uku kwezi avuye mu Budagi.

Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu mu Rwanda butangaza ko baba aba kera canke bashasha bose bariko barakurikiranwa n’abaganga, kandi bashizwe mu kibanza ca bonyene.

Abanyarwanda bose basabwa kubandanya bubahiriza amabwirizwa bahawe n’abategetsi mu vyo amagara y’abantu, cane cane gukaraba kenshi amaboko. Kwirinda amakoraniro y’abantu benshi. Ikindi ni uguhamagara nimero 114 wibonyeko ikimenyetso ico ari co cose ca Corona canke kubibwira abajejwe amagara y’abantu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG