Uko wahagera

Urucanco rwa Corona Rurageragezwa muri Amerika


APTOPIX Virus Outbreak US

Urucanco rugamije gukinga umugera wa Corona rutangura kugeragezwa kuri uyu wa mbere muri Reta zunze ubumwe z’Amerika, nkuko vyashikirijwe n’umutegetsi atashimye ko izina ryiwe rimenyekana.

Abategetsi muvyo amagara y’abantu bavuga ko bizotwara umwaka canke amezi 18 kugira rwemezwe neza.

Amashirahamwe akora ubushakashatsi kw’isi nzima ariko ariruka n’umwanya arondera urucanco rubuza ko uwo mugera ubandanya wandukira benshi.

Kw’isi nzima abamaze kwandura barenga 156000 n’abarenga 5800 umaze guhitana. Muri Reta zunze ubumwe z’Amerika abarenga 50 ni bo bamaze gupfa mu gihe abashika 3000 ari bo bamaze kwandura.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG