Uko wahagera

Rwanda: Batanu Baramaze Kugaragarako Umugera wa Corona


Rwanda Corona
Rwanda Corona

Mu Rwanda abamaze kugaragara ko banduye umugera wa Corona bashitse kuri batanu. Ni inyuma y’aho mu mpera z’iyi ndwi Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu butangaje umuntu wa mbere yanduye, na we ni Umuhinde yinjiye mu gihugu avuye mu Buhinde ku itariki 8 y'uku kwezi.

Irindi tangazo ryasohowe n’ubwo bushikirangaji kuri uyu w’Imana rivuga ko abandi bantu bane basuzumwe ko banduye. Abo na bo ni: Umunyarwanda w’imyaka 34 yinjiye mu Rwanda avuye muri Sudani y’ubumanuko kw’itariki 6 z’ukwezi kwa gatatu, uwa kabiri ni uwo bavukana w’imyaka 36 yinjiye avuye muri Fiji anyuze muri Amerika na Qatar kw’itariki 8 z’ukwezi kwa gatatu.

Uwa gatatu ni umunyarwanda w’i Kigali w’imyaka 30 ata kahise ka hafi k’ingendo yafashe hanze y'igihugu kagaragaye. Uwa kane ni umunya-Uganda yashitse mu Rwanda avuye i Londres mu Bwongereza kuri uyu w’Imana itariki 15 z’uku kwezi kwa gatatu.

Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu mu Rwanda butangaza ko abo bantu bose bariko barakurikiranwa n’abaganga, kandi bashizwe mu kibanza ca bonyene.

Abanyarwanda bose basabwa kubandanya bubahiriza amabwirizwa bahawe n’abategetsi mu vyo amagara y’abantu, cane cane gukaraba kenshi amaboko. Kwirinda amakoraniro y’abantu benshi. Ikindi ni uguhamagara nimero 114 wibonyeko ikimenyetso ico ari co cose ca Corona canke kubibwira abajejwe amagara y’abantu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG