Uko wahagera

Amadou Gon Coulibaly Arashobora Kuzasimbura Alassane Ouattara


Amadou Gon Coulibaly asanzwe ari umushikiranganji wa mbere wa Cote d'Ivoire
Amadou Gon Coulibaly asanzwe ari umushikiranganji wa mbere wa Cote d'Ivoire

Umugambwe uri ku butegetsi muri Cote d’Ivoire wagenye umushikiranganji wa mbere Amadou Gon Coulibaly nka kandida azowuserukira mu matora yo mu kwezi kwa cumi. Amadou Gon ni soma mbike wa Perezida Alassane Ouattara, haheze indwi atangaje ko atazokwitoreza manda ya gatatu.

Abasesangura politike muri ico gihugu bavuze ko igenwa ry’uwo munyepolitike w’imyaka 61 ata nkeka ari amahitamwo ya Perezida Alassane Ouattara. Bemeza ko ibiro vya politike vy’umugambwe, RHDP, (Rassemblement des houphouëtistes pour la démocratie et la paix) bitigeze bigishwa inama mw’igenwa ryiwe nkuko vyahora bigenda ku bandi bakandida. Hari abasanga n’igenwa ryiwe ridahurizwako na bamwe mu banyamugambwe.

Umwe muri abo basesanguzi, Jean Alabro, yavuze ko ugutangaza uwo mukandida inyuma y’indwi imwe gusa Perezida Ouattara avuze ko atazokwitoza ari uburyo bwo kumuha akanya gakwiye ko kwimenyeskanisha mu ntumbero yo kuresha abo akeneyeko icizere n’amajwi.

Amadou Gon Coulibaly yashimiye abamutoye, avuga ko imyaka 30 iheze yagiye akurikiranira hagufi ubuzima bwa politike bwa Alassane Ouattara, yemeza ko afata nk’icitegererezo. Amadou Gon Coulibaly yagiye ajejeshwa amabanga akomeye mu gihugu arimwo kuba umunyamabanga mukuru mu biro vya perezida, umushikiranganji w’uburimyi, n’ibindi.

Guillaume Soro yahoze arongoye umurwi warwanya ubutegetsi bwa Prezida Laurent Gbagbo akaba yarigeze kuba n’umushikiranganji wa mbere ni we wenyene amaze gutangaza mu batavuga rumwe na reta ko azokwitoza

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG