Uko wahagera

Salva Kiir na Machar Bashinze Reta y'Ubumwe ya Sudani y'Epfo


Salva Kirr na Riek Machar
Salva Kirr na Riek Machar

Muri Sudani y’Ubumanuko, Perezida Salva Kiir yarashize ahabona reta nshasha kuri uyu wa kane, reta y’ubumwe yashinze afatanije n’icegera ciwe Riek Machar mu ntumbero yo kugarukana amahoro muri ico gihugu.

Itegeko rigena abashikiranganji 34 n’ivyegera vyabo 10 ryasomwe kuri Televiziyo y’igihugu. Iyi reta itangajwe inyuma y’ibiganiro vyamaze indwi zishika zitatu hagati ya Kiir na Machar.

Bubaye incuro ya gatatu abo bagabo basangiye ubutegetsi, umwe mu kibanza ca perezida uwundi icegera ciwe kuva ico gihugu cikukira kuri Sudani mu mwaka wa 2011.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG