Uko wahagera

Amerika Yihoye ku Basirikare Bayo Biciwe muri Iraki


Indege z’intambara za Reta zunze ubumwe z’Amerika zateye ibibanza vy’abarwanyi bafashwe mu mugongo na Irani muri Iraki.

Ivyo bitero vy’indege vyo mw’ijoro ryo kuri uyu wa kane rishira uwa gatanu vyagabwe ku bibanza bitanu vy’umuhari Kataib Hezbollah bibikwamwo ibirwanisho.

Bibaye inyuma y’aho kuri uyu wa kane umushikiranganji wa Reta zunze ubumwe z’Amerika ajejwe kwivuna abansi, Mark Esper ashikirije ko uburyo bwose bwashizwe ku meza ku kwihora igitero cahitanye abo basirikare.

Amerika ivuga ko ico gitero c’amaroketi kw’ikambi y’abasirikare mvamakungu y’i Taji mu buraruko bwa Baghdad cakozwe ku musi wa gatatu n’abarwanyi bafashwe mu mugongo na Irani.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG