Uko wahagera

Reta Zibiri Zibangabanganywe muri Afuganistani


Perezida wa Afuganistani Ashraf Ghani arahirira kuba perezida i Kabul, kw'itariki 09/03/2020
Perezida wa Afuganistani Ashraf Ghani arahirira kuba perezida i Kabul, kw'itariki 09/03/2020

Igihugu ca Reta zunze ubumwe z’Amerika cashikirije kuri uyu wa mbere ko kidashigikiye irahira ry’icegera ca kabiri ca perezida muri Afuganistani, Abdullah Abdullah, mu kibanza c’umukuru w’igihugu. Umushikiranganji w'Amerika w’imigenderanire n’amakungu, Mike Pompeo yasavye ubumwe muri ico gihugu imbere yuko haba ibiganiro n’Abatalibani.

Ghani na Abdullah uko ari babiri barahiye ko babaye abakuru b’igihugu kuri uyu wa mbere. Ghani ni we yatangajwe ko yatsinze amatora yo mu kwezi kwa cumi na kumwe, ariko Abdullah yaranse kuvyemera avuga ko ayo matora yabayemwo ubusuma.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG