Uko wahagera

Afuganistani: Ashraf Ghani na Abdullah Biteguye Kurahira Bose


Abdullah Abdullah (iburyo) na Perezida Ashraf Ghani bose bemeza ko batsinze muri Afuganistani
Abdullah Abdullah (iburyo) na Perezida Ashraf Ghani bose bemeza ko batsinze muri Afuganistani

Perezida Ashraf Ghani yatowe muri Afuganistani hamwe n’uwo batavuga rumwe Abdullah Abdullah baheruka guhiganwa mu matora y’umukuru w’igihugu bariko bitegura kurahira bose uko ari babiri mu kibanza c’umukuru w’igihugu kuri uyu wa mbere.

Abakurikiranira hafi ivyo muri ico gihugu bavuga ko ivyo bishobora gutera icuka kibi ca poritike no gusubiza inyuma utwigoro tw’amahoro Amerika yariko irafashamwo.

Komisiyo ijejwe amatora muri Afuganistani mu kwezi guheze yatangaje ko Perezida Ghani ari we yatahukanye intsinzi mu matora y’umukuru w’igihugu yabaye kw'itariki ya 28 z’ukwezi kw’icenda. Ariko Abdullah bahiganywe yaranse kwemera ivyayavuyemwo, avuga ko yabayemwo ubusuma. Yashikirije ko yatsinze kandi ko azoshinga reta yiwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG