Uko wahagera

Umuntu Wa Mbere Wanduye Umugera wa Corona Muri Kameruni


Ubushikiranganji bujejwe amagara y’abantu bw’igihugu ca Kameruni bwemeje umuntu wa mbere afise umugera wa Corona.

Ni Umufransa w’imyaka 58 yashitse ku murwa mukuru wa Kameruni, Yaounde kw'italiki 24 z’ukwezi kwa kabiri.

Amakuru atangazwa avuga ko uwo muntu yashizwe mu kibanza cawenyene aho atarekuriwe kuva canke ngo abonane n’abandi bantu mu bitaro bikuru vyo ku murwa mukuru.

Itangazo ry’ubushikiranganji bujejwe amagara y’abantu rimenyesha ko Reta yafashe ingingo zose z’ugutuma uwo mugera wa Corona udakwiragira.

Kameruni ni gihugu ca kane co muri Afrika yo musi y’ubugararwa bwa Sahara aho umugera wa Corona umaze kwibonekeza. Ibindi bihugu aho uwo mugera umaze kwiyadukiza ni Nijeriya, Senegal na Afrika y’epfo.

Igitigiri c’abantu bamaze kwandura umugera wa Corona mu karere ka Afrika ni 29.

Kuva umugera wa Corona wadutse ubwa mbere mu gisagara ca Wuhan mu gihugu c’Ubushinwa mu kwezi kw’icumi na kabiri mu mwaka uheze, umaze kwandukira abantu bagera sku 100000 kw’isi, mu gihe abarenga abarenga 3000 benshi bari mu Bushinwa bamaze guhitanwa n’uwo mugera.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG