Uko wahagera

Sudani Yatezuriwe Ibihano n'Amerika


Ibanki y'i Khartoum ku murwa mukuru wa Sudani
Ibanki y'i Khartoum ku murwa mukuru wa Sudani

Ibanki nkuru ya Sudani yatangaje kuri uyu wa gatatu ko Reta zunze ubumwe z’Amerika iriko irakuraho ibihano yafatiye amashirahamwe 157 yo muri ico gihugu. Ayo mashirahamwe arimwo n’amabanki yagirijwe n’Amerika kuba yaragize uruhara mu gufasha mu ntambara yo mu ntara ya Darfur.

Umukuru w’iyo banki, Badreddine Abdelrahim, yashikirije ko hagisigaye abanyesudani ku gatwe kabo hamwe n’ayandi mashirahamwe make bikiri kuri ivyo bihano Amerika yafashe mu 2003.

Iri tangazo rije mu gihe Sudani iriko irakora ibishoboka kugira inagure ubutunzi bwayo no kwinjira ku rubuga rw'ubutunzi mpuzamakungu. Bikurikiye kandi ikurwa ku butegetsi rya Perezida Omar al-Bashir mu kwezi kwa kane 2019.

Ku bwa Abdelrahim, guhanagura ivyo bihano bisigura ko ayo mashirahamwe n’amabanki bigiye gusubira guhanahana amafaranga n’amakungu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG