Uko wahagera

Abishwe na Corona Baduze Gushika kw'Icenda muri Amerika


Umukenyezi wo mu gisagara ca Kirkland muri reta ya Washington yipfukereye mu mazuru

Abamaze kwicwa n’umugera wa Corona/COVID19 muri Reta zunze ubumwe z’Amerika bashitse kw’icenda kuri uyu wa kabiri, bose muri reta ya Washington. Mu gihugu cose, abantu barenga 100 ni bo bamaze kwandura.

Ni mu gihe abategetsi bo kw’isi mu gisata c’amagara y’abantu bariko baragarageza ibishoboka kugira bahagarike ikwirakwira ry’uwo mugera. Watanguriye mu Bushinwa mu mwaka uheze, kandi umaze guhitana ubuzima bw’abantu barenga 3100 kw’isi.

Perezida Donald Trump yashikirije ko gushika ubu hataragera ko muri Amerika hafatwa ingingo ku makompanyi y’indege zunguruza ingenzi hagati mu gihugu, n’aho reta ya Washington itanguye gutera amakenga.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG