Uko wahagera

Abagiraneza 2 Barishwe muri Sudani y'Ubumanuko


Abakozi babiri bo mw’ishirahamwe ry’abagiraneza barishwe abandi batatu baraburirwa irengero inyuma y’aho bagwiriye mu mutego w’abitwaje ibirwanisho muri reta ya Unity muri Sudani y’ubumanuko. Vyashikirijwe n’abategetsi bo muri ako karere.

Abo bakozi b’ishirahamwe ry’Abongereza Tearfund bari bavuye mu karere ka Yuai ku musi wa mbere igihe baterwa, nkuko vyashikirijwe na Mabil Peter Kot, umunyamabanga mukuru wa reta ya Unity. Kot yavuze ko aho abo bandi bakozi bari, hamwe n’umudereva hatazwi.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryashikirije mu ndwi iheze ko abakozi bashika ku 116 bo mu mashirahamwe y’abagiraneza bamaze kwicwa muri Sudani y’Ubumanuko kuva mu mwaka wa 2013. Benshi muri abo bakozi bishwe ni abanyesudani y’ubumanuko.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG