Uko wahagera

Turukiya Yakoroye Indege ya Siriya


Abasirikare ba Turukiya bakoroye indege y’intambara ya Siriya mu ntara ya Idlib kuri uyu wa kabiri. Ni mu mishamirano iri hagati y’ingabo za Turukiya n’iza reta ya Siriya. Turukiya yihoye abasirikare bayo 34 bishwe mu gitero c’indege begeka kuri Siriya.

Iyi mishamirano yiyongereye yongereje ubwoba ko hashobora kuba ugutana mu mitwe hagati ya Turukiya n’Uburusiya. Abaperezida ba Turukiya n’Uburusiya bategekanya kuzobonana kuri uyu wa kane kugira bahagarike ico cuka kibi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG