Uko wahagera

Netanyahu Yatahukanye Intsinzi mu Matora muri Isirayeli


Umushikiranganji wa mbere wa Isirayeli Benjamin Netanyahu ahejeje gutsinda amatora. Kw'itariki 02/03/2020
Umushikiranganji wa mbere wa Isirayeli Benjamin Netanyahu ahejeje gutsinda amatora. Kw'itariki 02/03/2020

Ibiharuro vyasohotse inyuma y’amatora yo ku ncuro ya gatatu muri Isirayeli vyahaye intsinzi umushikiranganji wa mbere Benjamin Netanyahu ku ntebe 37 kw’120 zo mu nama nshingamateka. Ni mu gihe uwo batavuga rumwe Benny Gantz we yatahukanye intebe 33.

Bamaze kwifatanya n’imigambwe bacuditse, Netanyahu yaciye aronka intebe 60 mu gihe Gantz yaronse intebe 54. Netanyahu aracakeneye intebe imwe kugira aronke ubwiganze bwo gushinga reta.

Ibi biharuro bije mu gihe urubanza ku vyaha vyo kurya ruswa Netanyahu yagirizwa ruzotangura mu ndwi zibiri. Abasesangura ibibera muri Isirayeli bavuga ko mu gihe yobasha gushinga reta, Netanyahu azoca agerageza gutevya no kuburizamwo urwo rubanza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG