Uko wahagera

USA: Pete Buttigieg Yavuye mw'Ihiganwa ry'Amatora


 Pete Buttigieg, umudemokrate yahiganirwa ikubanza c'umukuru w'igihugu muri Reta zunze ubumwe z'Amerika
Pete Buttigieg, umudemokrate yahiganirwa ikubanza c'umukuru w'igihugu muri Reta zunze ubumwe z'Amerika

Muri Reta zunze ubumwe z’Amerika, Umudemokrate Pete Buttigieg yahoze ari umukuru w’igisagara ca South Bend, muri reta ya Indiana, yavuye mw’ihiganirwa ry’ikibanza c’umukuru w’igihugu.

Abajejwe ibikorwa vyiwe vyo kwiyamamaza batangaje kuri uyu w’Imana ko bitewe n’uko yatahukanye ikibanza ca kane mu matora y’ibanze yabaye muri reta ya Corolina y’ubumanuko kuwa gatandatu. Pete Buttigieg nta ntumwa n’imwe yaronse muri ayo matora. Ni umukandida wa mbere w’imyaka mike yari yagiye muri iyi myiyamamazo, aho afise imyaka 38.

Muri ayo matora y’ibanze yo kurondera umudemokrate azohangana na perezida Donald Trump, Joe Biden ni we yatahukanye intsinzi ku majwi yababa 50 kw’ijana ry’abatoye. Yakurikiwe na Bernie Sanders ku majwi 19 kw’ijana.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG