Uko wahagera

Afrika y'Epfo Iratahukana 132 Bayo Bugaraniwe mu Bushinwa


Igihugu ca Afrika y’Epfo kigiye gutahukana abanyagihugu baco barenga ijana bugaraniwe mu gisagara ca Wuhan, mu Bushinwa, ahatanguriye kuboneka abanduye umugera corona.

Perezida Cyril Ramaphosa yategetse kuri uyu wa kane ko abanyagihugu biwe batahukanwa inyuma y’aho iyo miryango ibisabiye reta akatari gake.

Reta ya Afrika y’Epfo igereranya ko abanyagihugu bayo bashika 199 ari bo baba mu gisagara ca Wuhan, ariko 132 ni bo basavye gutahukanwa. Nta n’umwe aragaragaza ibimenyetso ko yanduye canke afise ibimenyetso vyawo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG