Uko wahagera

Kameruni Yafuse Amatora Yabaye mu Ntara Zivugwamwo Icongereza


Akanama kajejwe kwubahiriza ibwirizwa shingiro muri Kameruni katangaje kuri uyu wa kabiri ko gahanaguye amatora y’abashingamateka yabaye muri uku kwezi mu ntara zivugwamwo Icongereza zasinzikajwe n’intambara. Aya makuru yatangajwe na Televiziyo ya reta.

Ako kanama kavuga ko ayo matora azosubirwamwo mur’ako karere ko mu bumanuko bushira uburengero havurwa Icongereza.

Ishirahamwe ry’Ubumwe bw’Afrika ryari ryavuze ko abitabiriye ayo matora mu gihugu bari bake cane, cane cane muri izo ntara.

Gushika ubu abategetsi ba Kameruni ntibari bwatanganze ibiharuro vyavuye mur’ayo matora.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG