Uko wahagera

Amerika Yemeza ko Yishe Umutegetsi Akomeye wa Al Shabab

FILE - members of Somalia's al-Shabab militant group patrol on foot on the outskirts of Mogadishu, Somalia, March 5, 2012. Somalia now says says al-Shabab militants are plotting to supply uranium to Iran.

Igisirikare ca Reta zunze ubumwe z’Amerika catangaje ko cishe umutegetsi akomeye wa al-Shabab cagiriza kuba yari inyuma y’igitero co mu kwezi kwa mbere ku kambi ya gisirikare ya Manda Bay muri Kenya.

Yicanwe hamwe n’umugore wiwe kw’itariki 22 z’uku kwezi kwa kabiri mu gitero c’indege.

Iryo tangazo ariko ntiryavuze izina ry’uwo mutegetsi wa al-Shabab yishwe, ariko ryavuze ko yari ajejwe gutegura no kurongora ibitero vy’iterabwoba mu karere ko ku rubibe rwa Kenya na Somaliya.

Yiciwe mu micungararo ya Saakow, ahari ibirindiro vya al-Shabab mu ntara ya Middle Juba. Amerika yavuze kandi ko abandi barwanyi babiri ba al-Shabab basize ubuzima mur’ico gitero.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG