Uko wahagera

Burundi: Ndayishimiye wa CNDD-FDD yatanze Kandidatire ye ku mwanya wa Perezida


Evariste Ndayishimiye umukandida wa CNDD-FDD
Evariste Ndayishimiye umukandida wa CNDD-FDD

Mu Burundi kuri uyu wa kabiri niho aba kandida mu matora y'umukuru w'igihugu batangura kujana ama dosiye yabo ku mugwi w'igihugu utegura amatora.

Evariste Ndayishimiye azoserukira umugambwe CNDD-FDD uri ku butegetsi niwe yajanye dosiye ubwa mbere.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru i Bujumbura yagarutse ku kutihanganiranira kumaze imisi kwibonekeza hagati y'abanywanyi b'umugambwe abereye umunyamabanga mukuru hamwe n'ab'umugambwe utavuga rumwe n'ubutegetsi CNL.

Bwana Ndayishimiye asaba ko abantu boja barahanwa ku giti cabo iyo bakoze amakosa aho kwiyitirira imigambwe baturukamwo.

Yanavuniye akagohe abanyepolitike bariko bitegurira gutaha muri kino kiringo c'amatora inyuma y'imyaka 5 bamaze barahunze igihugu.

Naho yavyivugiye ko igihe cagenywe co kwiyamamaza kitaragera ngo atange mw’ido n’ido agaseke azofundururira Abarundi, uwo mugabo afise amahirwe menshi yo kuba umukuru w’igihugu wa kabiri aturuka mu ntara ya Gitega hagati na hagati mu gihugu c’Uburundi yavuze nk’uwumaze kwibona ku kirimba.

Amatora y’umukuru w’igihugu azoba kuwa 20 ukwezi kwa gatanu. Niyo azobanziriza ayandi akazobera rimwe n’ayabajenama b’amakomine n’abadepite.

Ayo matora aziyamamarizwa hagati y’itariki ya 27 ukwa kane ni ya 17 ukwa gatanu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG