Uko wahagera

Abashamiranye muri Libiya Bemeza ko Batazitabira Ibiganiro i Geneve


Impande zibiri zishamiranye muri Libiya zatangaje kuri uyu wa mbere ko zihagaritse kwitabira ibiganiro bifashwe mu mugongo na ONU bitegekanijwe muri iyi ndwi i Geneve mu Busuwisi. Ariko umuvugizi wa ONU we avuga ko ibiganiro bikiri nkuko vyategekanijwe.

Inama nshingamateka ya reta ikorera mu buraruko bwa Libiya, ishigikiwe na Khalifa Haftar, yashikirije ko ishobora kutazitabira ivyo biganiro kuko ONU itaremeza intumwa zabo zose uko ari 13.

Reta ikorera i Tripoli nayo ivuga ko itazitabira ivyo biganiro vyo kuwa gatatu kiretse habaye intambwe mu biganiro vya gisirikare.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG