Uko wahagera

Umugambwe MRC mu Burundi Wabujijwe Gukoresha Inama


Tatien Sibomana, umunyapolitike utavugarumwe na leta y'Uburundi
Tatien Sibomana, umunyapolitike utavugarumwe na leta y'Uburundi

Igipolisi c'Uburundi cabujije inama y'umugambwe MRC Rurenzangemero mu ntara ya Gitega kuri uyu w'Imana congera gitwara terefone y'umwe mu ndongozi zawo n'iz'abamenyeshamakuru babiri bariko barakurikirana iyo nama.

MRC Rurenzangemero ni umwe migambwe itavuga rumwe n'ubutegetsi.

Amakuru Ijwi ry’Amerika ryahawe n’abari ku mugwa mukuru w’intara ya Gitega avuga ko iyo nama yari yiswe ikoraniro ritoya.

Haheze akanya gato inama itanguye, abari muriyo bagiye babona uwutwara iperereza mu ntara ya Gitega aherekejwe n’abapolisi benshi binjira mu cumba barimwo.

Batatu mu banywanyi bakomeye ba MRC baciye bahagarikwa.

Nabo ni Tatien Sibomana, Deo Bizindavyi na Frederic Nahimana. Bagiye kurekurwa inyuma y’iminota 30 babanje kwerekana uruhusha rubemerera gukora inama yo kuri uyu w’Imana.

Ariko nk’uko umwe mu bari muri iryo koraniro atashimye ko amazina yiwe avugwa yavyiganiye Ijwi ry’Amerika ,amaterefone y’aba bagabo batatu batswe ntayo basubijwe.

Intumbero y’iri koraniro ritoya nk’uko abari bariteguye bavyemeza yari iyo kumvikana ku ntonde z’abazitoza mu matora y’abajenama b’amakomine mu ntara ya Gitega no kuzitegura.

Ayo matora niyo azobanziriza ayandi akazobera rimwe n’ay’umukuru w’igihugu n’ayabashingamateka kuwa 20 ukwezi kwa gatanu uyu mwaka.

Igipolisi canke iperereza ntibaravuga icatumye iyi nama ibuzwa kandi uruhusha rusabwa mu bushikirangaji bw’intwaro yo hagati no ku rwego rw’intara rwari ruhari.

N'ubwo hakunze kuvugwa abanywanyi b’umugambwe CNL urongowe n’icegera ca mbere c’umukuru w’inama nshingamateka Agathon Rwasa bafatwa, ingoro z’uwo mugambwe zigaturirwa canke zikabomorwa mu ntara zitandukanye z’Uburundi, amanama yawo agahagarikwa, nta bikorwa vy’iyindi migambwe bikunze kumvikana vyaburabujwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG