Uko wahagera

HRW Isaba Itohoza Ryimbitse ku Rupfu rwa Kizito Mihigo


Kizito Mihigo

Ishirahamwe mpuzamakungu riharanira agateka ka zina muntu, Human Right Watch risaba reta y’u Rwanda gukora amatohoza yimbitse, yigenga kandi yo kumugaragaro ku rupfu rw’umuririmvyi Kizito Mihigo.

Mu rwandiko ryasohoye kuri uyu wa kane, HRW rivuga ko amakungu acuditse n’u Rwanda akwiye gusaba ko hamenyekana uwakoze iryo bara imbere hamwe n’igihe hazoba hariko haraba inama y’abakuru b’ibihugu bivuga Icongereza izobera i Kigali mu kwezi kwa gatandatu mu mwaka w’2020.

HRW ivuga kandi ko Mihigo yaheruka kuyibwira ko yari yaratewe ubwoba, asabwa gutanga ivyemeza vy’ibinyoma vyo kubeshera abanyepolitike batavuga rumwe na reta kandi ko yashatse guhunga igihugu kuko yari afise ubwoba ku mutekano wiwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG