Uko wahagera

Perezida Nkurunziza Yemejwe nk'Imboneza Yamaho


Perezida Pierre Nkurunziza w'Uburundi
Perezida Pierre Nkurunziza w'Uburundi

Inama nshingamateka y'Uburundi kuri uyu wa gatatu yemeje Pierre Nkurunziza nk'imboneza yamaho yo kuzirikana igihugu.

Iri teka arihawe inyuma y'ukugirwa n'umugambwe wiwe CNDD FDD imboneza yamaho yawo akaba ari nawe atwara inama y'inararibonye mu mugambwe uri ku butegetsi.

Ariko hari abashingamateka bavuga ko harabiwe ku bintu vyabaye ku ntwaro yiwe mu kiringo c'imyaka 15 harimwo ubwicanyi, indyane za politike, imvugo zicanishwamwo, kugara amashirahamwe yigenga yarakwiye ahubwo " gushengezwa mu butungane".

Mu majambo yiwe, umushingamateka yigenga Fabien Banciryanino yabajije bagenzi be ati: « Muri iyi manda y’imyaka 15 harabaye ibintu vy’agahomera bunwa ku buryo tutotegurira ikintu nk'iki umukuru w’igihugu ariho uno munsi ».

Abamushigikiye bo bemeza ko ariwe mukuru w'igihugu wa mbere yakuye agasuzuguro ku gihugu c'Uburundi n'Abarundi.

Iyi nteguro y’itegeko yemejwe n’abashingamateka 91, batatu barayanka mu gihe 14 ataco bayivuzeko. Uko ukwezi kw’indwi gutashe perezida Nkurunziza amaze gukukuruka hazokwama hari umusi wahariwe kuzirikana igihugu no kugikunda ukazorangazwa imbere n’imboneza yamaho yo kuzirikana igihugu.

Iki cubahiro nta wundi mukuru w’igihugu n’umwe yari bwagihabwe mu Burundi harimwo n’umuganwa Rudoviko Rwagasore aherutse kwakwa no kwitirirwa ikibuga mpuzamakungu c’umupira w’amaguru yari yitiriwe kuva Uburundi buronka intahe yo kwikukira muri 1962.

Bamwe mu bashingamateka basanga icubahiro gisabirwa Perezida Nkurunziza kitajanye n'"ivyo yakoze "
please wait

No media source currently available

0:00 0:05:24 0:00


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG