Itororokanirizo ry’amakuru rya reta ya Irani ryashikirije ko abantu babiri bapfuye inyuma y’aho basuzumiwe bagasanga baranduye umugera wa Corona/Covid-19. Babaye aba mbere bishwe n’uwo mugera mur’ico gihugu.
Ico kinyamakuru cashikirije ko umushikiranganji w’amagara y’abantu yavuze ko abo bantu bapfuye bari abo mu gisagara ceranda ca Qom, mu bumanuko bw’umurwa mukuru Teherani.
Gushika ubu, abashika 75000 baramaze kwandura uwo mugera kw’isi hose, mu gihe abarenga 2000 bavugwa ko bamaze gupfa, benshi mu Bushinwa. Ariko ibi bitigiri bishobora guhinduka umwanya n’umwanya.
Facebook Forum