Uko wahagera

Libiya: Abarwanya Reta Bagirizwa Gutera Ikivuko ca Tripoli


A smoke rises from a port of Tripoli after being attacked in Tripoli, Libya February 18, 2020. REUTERS/Ahmed Elumami
A smoke rises from a port of Tripoli after being attacked in Tripoli, Libya February 18, 2020. REUTERS/Ahmed Elumami

Reta ya Libiya yemewe n’amakungu yahagaritse ibiganiro vy’amahoro biriko birabera i Geneve mu Busuwisi, bifashwe mu mugongo n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, inyuma y’aho abasirikare barwanya reta batereye ikivuko c’i Tripoli ku murwa mukuru.

Reta ya Libiya yavuye mu mwumvikano ishikiriza ko ihagaritse ibiganiro gushika yishuye abayiteye kandi kumwanya mwiza.

Babisabwe n’Uburusiya na Turukiya, ibihugu bisanzwe bishigikiye izo mpande zibiri zirwana muri Libiya, bose barumvikanye kw’ihagarikwa ry’intambara mu kwezi guheze bongera bumvikana gutangura kuganira i Geneve.

Ariko ayo masezerano yagiye ararengwako, bituma izo mpande zinanirana kwicara kumeza imwe i Geneve, bemera ahubwo kuganira n’intumwa zibafasha mur’ivyo biganiro.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG