Uko wahagera

Ubushinwa Bwahumurije Abarundi Ku Kibazo c'Umugera Corona


Li Changlin, ambasaderi w'Ubushinwa mu Burundi
Li Changlin, ambasaderi w'Ubushinwa mu Burundi

Ubuserukizi bw’igihugu c’Ubushinwa mu Burundi, busaba ko abanyeshure baheruka gutaha bava mu gihugu c’Ubushinwa bokwegeranizwa hamwe kugira uwoba afise umugera wa Corona ntawanduze abandi.

Ambasaderi Li Changlin avuga ko umugera wa Corona uriko uragabanuka muri ico gihugu kubera inguvu nyinshi ziriko zirakoreshwa mu kuwugwanya.

Changlin avuga ko baterwa intege nuko mu bari bafashwe n’uwo mugera, 10000 bakize bakava mu bitaro bariko baravurirwamwo.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa kabiri, Ambasaderi Changlin arahumuriza abavyeyi bafise abana muri ico gihugu ko bari mu minwe myiza y’abarongoye amashure kugira barindwe kwandura ikiza c’umugera.

N’ayo ku banyeshure baheruka gutahuka bava mu Bushinwa mu ntango z’uku kwezi, uwuserukira ubushinwa avuga ko hari ingingo zibagenga kandi ko bakwiye kuzikurikiza.

Yagize ati “Ingingo zo gukinga, ingingo zo kwegeranirizwa hamwe zirakenewe kuri bo. Barasabwa kugabanya ingendo, kutaramukanya, kutaja mu ma nama hamwe no kwipisha ubushuhe kabiri ku munsi.”

Yongeyeho ko basabwa kandi kuguma bahanahana amakuru n’amakaminuza bigako kugira bashobore kumenya ko amashure yasubiye kugururwa.

Uyu aserukira Ubushinwa yaraherutse gusaba abagwizatunga bakorera ingendo muri ico gihugu kuba baratenyenya kujayo.

Uwurongoye ishirahamwe ry’abagwizatunga mu Burundi ACOBU Antoine Muzaneza, aheruka kumvikana asaba ko ababijejwe bohagurukira ico kibazo ingaruka mbi zitarabashikako.

Bimwe mu bidandazwa birangurirwa mu gihugu c’Ubushinwa ahanini ni ibikoresho vyo kubaka amazu, ibikoresho vyo mu nzu, ibifingurwa, hamwe n’ibikoresho vyo mu mahinguriro.

Ikigo cegeranya amakori n’amatagisi OBR, giherutse kwerekana ko ibice 13 kw’ijana vy’ibidandazwa mvamakungu vyavuye mu gihugu c’Ubushinwa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG