Uko wahagera

Ubushinwa Bwemeza ko 11000 Bamaze Gukira Umugera wa Corona


Abategetsi b’Ubushinwa batangaje kuri uyu wa kabiri ibitigiri bemeza vy’abantu bamaze kwandura umugera wa Corona-Covid-19, birenga 71000, abamaze gupfa nabo barenga 1800.

Abashika 11000 nabo baramaze gukira. Ariko ibi bitigiri birashobora guhinduka umwanya n’umwanya.

Umuyobozi wa OMS Tedros Adhanom Ghebreyesus avuga ko ivyo bitigiri vy’Ubushinwa vyerekana ko umurindi w’abandura ugabanuka ariko ko ibi bikwiye gufatwa mu bwitonzi ko bishobora guhinduka bivanye na bashasha bokwandura.

OMS ishikiriza ko umugwi w’abahinga mvamakungu 12 baza bari mu Bushinwa kandi bariko barakorana na bagenzi babo b’Ubushinwa mu guhangana n’uwo mugera.

Reta zunze ubumwe z’Amerika yashikirije kuri uyu wa mbere ko yatahukanye abanyagihugu bayo barenga 300 n’imiryango yabo ya hafi bari baragumijwe mu bwato bwitwa Diamond Princess mu Buyapani kuko bakekwa kuba baranduye.

14 muri bo berekanye ibimenyetso ko banduye kandi abo bose bakazomara iyindi misi 14 ahabonyene aho bashikijwe muri Amerika.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG