Uko wahagera

Reta ya Siriya Yemeza ko Yigaruriye Aleppo


Iabasirikare ba reta ya Siriya bishimira intsinzi ku gisagara ca Aleppo.
Iabasirikare ba reta ya Siriya bishimira intsinzi ku gisagara ca Aleppo.

Perezida wa Siriya Bashar Assad ashikiriza ko igisagara ca Aleppo, umutima w’ubutunzi bw’intara ya Aleppo kigiye kwongera gukomera kuruta uko camye.

Ni inyuma y’aho inteko za Siriya zicigaruriye cose mu minwe y’abarwanya reta.

Kuri uyu wa mbere, Assad yashikirije ko igisirikare ciwe kitazohagarika intambara kiretse cigaruriye ibice vyose vy’igihugu biri mu minwe y’abayirwanya.

Umukuru w’igisata ca ONU kijejwe imfashanyo Mark Lowcock avuga ko izo ntambara mu buraruko bwa Siriya, harimwo n’intara ya Idlib, zimaze gukura mu ngo zabo abasivile bashika hafi umuliyoni kuva mu ntango z’ukwezi kwa cumi na kabiri.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG