Uko wahagera

CENI Yasavye Abatwa Kwitoramo Abazabahagararira


Pierre Claver Kazihise

Umukuru w’umurwi ujejwe amatora mu Burundi CENI asaba amashirahamwe y’Abarundi bo mu bwoko bw’abatwa gutanga amazina y’abo bipfuza ko bazobaserukira mu nama nshingamateka na nkenguzamateka.

Mu nama n’abaserukira ayo mashirahamwe, umukuru w’umurwi CENI Pierre Claver Kazihise yibukije abitavye iyo nama ivyo basabwa kugira bazoshirwe ku ntonde z’abashingamateka n’abakenguzamateka.

Ikiringo c’imisi 15 kuva kw’igenekerezo rya 25 kuno kwezi kwa kabiri ni co gihabwa ayo mashirahamwe kugira abe yashikanye ibisabwa mu murwi CENI.

Ariko abo barundi bo mu bwoko bw’abatwa bavuga ko ikiringo bahawe ari gito cane.

Abahurikiye mu mashirahamwe y’abatwa baripfuza ko aboshirwa imbere kugira bazotorwemwo abashingamateka n’abakenguzamateka boba bafise impapuro z’imitsindo.

Uwo arongoye umurwi ujejwe amatora ku rwego rw’igihugu asaba abo barundi bo mu bwoko bw’abatwa kwitunganya bo nyene. Akabasigurira ko itegeko uwo murwi wisunga ritavuga amashure umushingamateka canke umukenguzamateka ategerezwa kuba afise.

please wait

No media source currently available

0:00 0:05:05 0:00


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG