Uko wahagera

De Klerk Yasabye Abanyafurika y'Epfo Imbabazi


Frederik de Klerk yahoze ari prezida w’igihugu ca Afrika y’epfo
Frederik de Klerk yahoze ari prezida w’igihugu ca Afrika y’epfo

Frederik de Klerk yahoze ari prezida w’igihugu ca Afrika y’epfo, yasavye imbabazi yongera asubira ku vyo yari yatangaje ko intwaro kadyanishamiryango yahoze muri Afrika y’epfo yari izwi kw’izina rya Apartheid itari icaha gikomeye cane gikorerwa ikiremwa muntu.

Ivyo De Klerk, yabaye umuprezida wa nyuma ku ntwaro ya Apartheid yabitangaje mu kiganiro yatanze mu ndwi iheze kuri televiziyo SABC yo muri Afrika y’epfo.

Ivyiyumviro vyiwe ku bijanye n’iyo ntwaro vyagumye bicanishamwo abanyagihugu. Ivyo aherutse gutangaza vyahuriranye n’ukwibuka imyaka 30 irangiye nyakwigendera Neslon Mandela avuye mu munyororo.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryatangaje mu mwaka w’i 1973 ko intwaro ya apartheid ari icaha gityoza bikomeye agateka ka muntu. ONU riri mu mashirahamwe yanebaguye ibiherutse gutangazwa na Frederik de Klerk.

Desmond Tutu yahoze ari arkipiskopi mukuru muri Afrika y’epfo yasavye de Klerk kwisubirako agahindura ivyo yatangaje.

Akamo katewe ku mbuga ngurukanabumenyi kayobowe n’umunyamategeko akomeye muri Afrika y’epfo, Dali Mpofu gasaba ko de Klerk yamburwa agashimwe k’amahoro kitiriwe Nobel yaronkeye hamwe na nyakwigendera Nelson Mandela mu mwaka w’i 1993 karonse abateye igikumu c’ukugashigikira barenga 10000 mu masaha y’inyuma y’umutaga uno musi ku wa mbere.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG