Uko wahagera

Abantu 1800 Bamaze Guhitanwa na Virusi ya Corona


Ubwato butwara abantu batembera bwitwa Diamond Princess.
Ubwato butwara abantu batembera bwitwa Diamond Princess.

Abategetsi bajejwe amagara y’abantu mu gihugu c’Ubushinwa batangaje kw’igitigiri kimaze kumenyekana gushika ubu c’abanduye umugera wa Corona kirenga 70000.

Igitigiri c'abamaze guhitanwa n’uwo mugera kimaze kugera hafi y’i 1800. Abashika ku 11000 mu banduye umugera wa Corona baramaze gukira. Intara ya Hubei mu Bushinwa, umugera wa Corona wiyadukijemwo ubwa mbere, imenyesha ko abandi bantu 100 bapfuye uno musi ku wa mbere.

Benshi mu bantu banduye umugera wa Corona hanze y’Ubushinwa n’abari mu bwato bwashizwe mu kibanza ca bwonyene mu gisagara ca Yokohama, mu Buyapani.

Reta Zunze Ubumwe za Amerika yatangaje uno musi ko yakuye abanyagihugu bayo barenga 300 n’imiryango yabo bari muri ubwo bwato bwitwa, Diamond Princess. Indege imwe itwaye abo banyamerika yashitse mu masaha yo mu gitondo ca kare mu kibanza ca gisirikare muri Reta ya Californiya. Iyindi ndege yashitse amasaha makeyi inyuma yaho mu kibanza ca gisirikare muri Reta ya Texas. Abo banyamerika bose bavanywe mu Buyapani bazoshirwa mu kibanza ca bonyene mu kiringo c’imisi 14.

Ishirahamwe rijejwe amagara y’abantu kw’isi, OMS ryatangaje ku musi w’Imana ko umurwi w’abahinga b’abanyamahanga washitse ku murwa mukuru w’Ubushinwa, Beijing kubonana n’abategetsi b’Ubushinwa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG