Uko wahagera

Corona/COVID-19 Umaze Kwica Abashika 1800 mu Bushinwa


Ibitigiri vy’abanduye umugera wa Corona/COVID19 mu Bushinwa gushika kuri uyu wa mbere vyarenze 70000 mu gihe indege zibiri zuzuye abanyamerika bari bugaraniwe mu bwato mu Buyapani batahukanwa muri Amerika.

Mu ntara ya Hubei, aho uwo mugera watanguriye, abandi bantu 100 bavuzwe ko bapfuye, bica bishikana ku gitigiri c’abamaze gupfa cababa 1800 mu Bushinwa. Ariko ibi bitigiri bishobora kwiyongera umwanya n’umwanya.

Umuyobozi w’ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku magara y’abantu, OMS Tedros Adhanom Ghebreyesus yashikirije ko bigoye kumenya inzira ico kiza kizofata.

OMS yashikirije kuri uyu w’Imana ko yahamagariye amareta kuza arashikiriza abanyagihugu babo ububi bw’uwo mugera ariko batabateye ubwoba.

Mu gihe Ubushinwa bwaheruka gushemagizwa ku kuntu buvyitwaramwo hamwe n’utwigoro two guhagarika ikwiragira ry’uwo mugera, OMS iracasaba amakuru y’ukuntu ico gihugu gisuzuma no kumenya abanduye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG