Reta y’Uburundi ibicishije ku buserukizi bwayo mu gihugu c’Ubuganda yankiye abanyepolitike 6 gutahuka.
Abo barimwo Jeremie Ngendakumana yahoze arongoye umugambwe uri ku butegetsi bari bahunze mu mwaka w’2015 bamaze kwiyamiriza ukwitoza kwa Perezida Petero Nkurunziza mu kindi kiringo bise ko giciye kubiri n'amategeko.
Ngendakumana yaheruka gutangaza ko ashaka kugaruka mu gihugu gusubira kubandanya ibikorwa vya poritike.
Inkuru iramvuye tuyishikirizwa n’umumenyeshamakuru w’Ijwi ry’Amerika i Kigali mu Rwanda, Pierre Claver Niyonkuru.
Facebook Forum