Uko wahagera

Abanyakenya Basezeye kuri Prezida Daniel Arap Moi


Gusezera kuri Prezida Daniel Arap Moi

Abanyakenya ibihumbi n’ibihumbi bakoraniye mu kibanza c’inkino uyu musi ku wa kabiri, bariko barasezera Prezida Daniel Arap Moi. Moi yitavye umuremyi afise imyaka 95, yatwaye igihugu ca Kenya mu gihe cy’imyaka 24 kuva mu 1978 kugera muri 2002.

Isandugu Prezida Moi azashingurwamwo yari yambitswe ibendera ry’igihugu, igihe c’imisa yo kumusabira, yabereye mu kibanza c’inkino c’i Narirobi, uyu musi ku wa kabiri.

Abasirikare hamwe n’abapolisi bo muri Kenya bagize urugendo kuri ico kibanza, mu gihe abaririmvyi baguma baririmba indirimbo z’Imana.

Abantu bari bamwegereye bavuga ko Moi yari umuntu yicisha bugufi kandi yama yavuze ko umuntu wese ashaka kwiteza imbere ategerezwa kuvavanura no kuziririza inyifato yo kubesha.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG