Uko wahagera

Misile za Irani Zakomerekeje mu Bwonko Abasirikare 109 b'Amerika


Abasirikare b'Amerika bariko bagenzura ahatewe misile kw'ikambi ya Ain al-Asad mu ntara ya Anbar, muri Iraki, kw'itariki 13/01/2020.
Abasirikare b'Amerika bariko bagenzura ahatewe misile kw'ikambi ya Ain al-Asad mu ntara ya Anbar, muri Iraki, kw'itariki 13/01/2020.

Abasirikare ba Reta zunze ubumwe z’Amerika 109 nibo bakomeretse mu bwonko, inyuma y’igitero ca Misile Irani yagavye ku kambi barimwo muri Iraki mu kwezi kwa mbere.

Aya makuru yatangajwe n’ubushikiranganji bw’Amerika bwo kwivuna abansi kuri uyu wa mbere.

Ico gitero kikiba Perezida Donald Trump yari yatangaje ko ata musirikare w’Amerika yakomerekeye mur’ico gitero, kw’ikambi ya al-Asad mu burengero bwa Iraki mw’ijoro ryo kuwa 7 ukwezi kwa mbere.

Irani yagavye ico gitero mu kwihora urupfu rwa jenerali wayo Qasem Soleimani yishwe na drone y’Amerika kw’itariki 3 y’ukwezi kwa mbere i Baghdad muri Iraki.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG