Ibitigiri vy’abamaze kwicwa n’umugera wa Corona bashitse ku 1011 kuri uyu musi wa kabiri. Perezida w’Ubushinwa Xi Jinping yashikirije ko izindi ngingo zikomeye zo guhangana n’ico kiza zigiye gufatwa.
Ibi bitigiri vyiyongereye inyuma y’aho intara ya Hubei uwo mugera watanguriyemwo itangarije ko abandi bantu 103 bapfuye kuri uyu wa kabiri. Kibaye igitigiri ca mbere kinini c’abapfuye ku musi umwe gusa kuva uwo mugera utanguye kumenyekana.
Perezida wa Reta zunze ubumwe z’Amerika Donald Trump yashikirije ko yiteze ko ico kiza kizohera mu kwezi kwa kane igihe ubushuhe buzotangura kwigaragaza muri ako karere.
Komisiyo ya ONU ishinzwe gifata ibihano yashikirije ko itezuriye Koreya ya ruguru iyemereye kuronka imfashanyo zizofasha ico gihugu kurinda ko umugera wa Corona ukwiragira n'ingoga mu bantu mu gihe coshikirwa.
Akanama ka ONU kajejwe amahoro n’umutekano kafatiye Koreya ya ruguru ibihano vy’ubudandaji kuva mu 2006 mu ntumbero yo gutesha ico gihugu guhingura ibirwanisho vya Nikleyeli.
Koreya ya ruguru nta mfashanyo irasaba ivuye mu mashirahamwe yo hanze mu twigoro two kurwanya uwo mugera kandi nta murwayi gushika ubu aratangazwa ko yanduye.
Facebook Forum