Uko wahagera

Umugera wa Corona Wahitanye 97 ku Musi wa Mungu mu Bushinwa


Imodoka nyinshi zambuka ikiraro ku ruzi rwa Yangtze mu gisagara ca Wuhan mu ntara ya Hubei mu Bushinwa, 2/4/2020.
Imodoka nyinshi zambuka ikiraro ku ruzi rwa Yangtze mu gisagara ca Wuhan mu ntara ya Hubei mu Bushinwa, 2/4/2020.

Igitigiri c’abantu bamaze guhitanwa n’ikiza giterwa n’umugera wa Corona mu gihugu c’Ubushinwa kimaze kugera ku 900.

Abategetsi bajejwe amagara y’abantu mu Bushinwa bavuga ko abantu 97 bapfuye bahitanywe n’uwo mugera ku musi w’Imana. Abandi bantu bashasha 3.062 baranduye uwo mugera.

Ubwongereza bwatangaje uno musi ku wa mbere ko abandi bantu 4 banduye umugera wa Corona, biyongera ku bantu bane bari bahagaragaye. Umushikiranganji ajejwe amagara y’abantu mu Bwongereza, Matt Hancock, yavuze ko umugera wa Corona ugeramiye amagara y’abanyagihugu.

Mu gisagara ca Wuhan mu Bushinwa, aho umugera wa Corona wiyadukije ubwa mbere, abantu imiliyoni n’imiliyoni baracugaraniwe. Kuri ubu, baridoga ko badafise ibifungurwa bihagije.

Ibanki nkuru y’Ubushinwa yatangaje ko kuva uno musi izotanga imiliyaridi 43 y’amadolari agenewe gufasha mu rugamba rw’ukurwanya ikiza giterwa n’umugera wa Corona.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG