Abamaze guhitanwa n’umugera Corona mu Bushinwa bashitse ku gitigiri ca 908 nkuko vyatangajwe n’abategetsi b’Ubushinwa kuri uyu w’Imana.
Amamiliyoni y’abanyagihugu baracugaraniwe mu gisagara ca Hubei, aho uwo mugera watanguriye, aho abanyagihugu batanguye kwidoga ko bakehaniwe n’ibifungurwa.
Ibanki nkuru y’Ubushinwa yashikirije ko kuri uyu wa mbere, isohora imiriyaridi 43 z’amadolari yo gufasha amashirahamwe yafashije kurwanya uwo mugera.
Komisiyo y’igihugu ishinzwe kurwanya uwo mugera yashikirije ko ibitigiri vy’abandura bashasha vyakorotse kumusi wa gatandatu ku ncuro ya mbere kuva kw’itariki ya mbere y’uku kwezi kwa kabiri. Gushika ubu abantu 40000 bamaze kwandura.
Facebook Forum