Uko wahagera

AU Yiyemeje Gutorera Inyishu Intambara muri Afrika


Umukuru wa komisiyo y'umuryango w'ubumwe bw'Afrika Moussa Faki Mahamat ashikiriza ijambo mu nama y'uwo muryango.
Umukuru wa komisiyo y'umuryango w'ubumwe bw'Afrika Moussa Faki Mahamat ashikiriza ijambo mu nama y'uwo muryango.

Inama ngarukamwaka y’ishirahamwe ry’ubumwe bw’Afrika yatanguye kuri uyu w’Imana. Abakuru b’ibihugu vy'Afrika biyemeje ko iryo shirahamwe rigiye kugira uruhara runini mu gutorera umuti intambara zikwirakwiye muri uyo mugabane.

Umukuru wa Komisiyo y’Ubumwe bw’Afurika Moussa Faki Mahamat, yashikirije ko muri iki gihe ibihugu vy’Afrika bihanzwe n’ibibazo vy’umutekano muke, iterabwoba, indyane zishingiye ku moko hamwe n’uruhagarara zaduka imbere hamwe n’inyuma y’amatora.

Iryo shirahamwe ryatangaje kandi ko Republika ya demokarasi ya Kongo ishobora gusubirira Afrika y’epfo ku burongozi bw'iryo shirahamwo mu mwaka wa 2021.



Facebook Forum

XS
SM
MD
LG