Ibiziga vy’abantu 12 vyatowe kuri uyu w’Imana mu ntara ya Beni mu buseruko bwa Republika ya demokarasi ya Kongo.
Ni inyuma y’aho ku musi wa gatanu igitero c’abarwanyi b’umuhari ADF cishe abandi umunani nayo 20 baburirwa irengero, nkuko vyashikirijwe n’igiporisi kuri uyu w’Imana.
Igiporisi kivuga ko abo barwanyi ba ADF baciye imitwe abantu umunani ku musi wa gatanu muri komine ya Mangina, bituma abanyagihugu baharurwa mu majana bahunga ako karere.
ADF yihoreye kubasivile ku bitero abasirikare ba reta bakoze kuri uyo muhari kuva mu kwezi kwa cumi.
Facebook Forum