Ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku magara y’abantu OMS ririko risaba imfashanyo ya miliyoni $675 yo gufasha gukinga kugira umugera wa Corona ntutandukire isi yose.
Menshi muri ayo mafaranga azofashishwa ibihugu bifise ibisata vy’amagara y’abantu bitishoboye kugira bakingire abanyagihugu bavyo mu mezi atatu.
OMS ivuga ko abantu 24363 bamaze kwandura abandi 490 baramaze gupfa mu Bushinwa, hamwe n’abandi 191 bamaze kwandura hanze y’Ubushinwa.
Umuyobozi wa OMS Tedros Adhanom Ghebreyesus ashikiriza ko abantu botekana ntibagire ubwoba, ko hari ibiriko birakorwa kugira uwo mugera uhagarikwe.
Facebook Forum