Uko wahagera

Ubushinwa Buvuga ko Umugera wa Corona Wavuye Kuduhungarema


Uduhungarema ku biti
Uduhungarema ku biti

Umugera wa Corona umaze guhitana abantu 425 mu Bushinwa ushobora kuba wavuye ko duhungarema, abashakashatsi b’Ubushinwa niko bavuga.

Abategetsi b’Ubushinwa ntibaramenya neza ingene uwo mugera uva ku bikoko ukandukira abantu, ariko bibaza ko kubera amasoko amwe amwe mu Bushinwa adandariza hanze, aho ibikoko vyo mw’ishamba hamwe n’ibitungano bigurishirizwa bishobora kuba ariho abantu bawanduriye.

Gushika mu gatondo co kuri uyu wa kabiri mu masaha yo mu Bushinwa, abo uwo mugera umaze guhitana bashitse ku 425 nayo abarenga 20000 baramaze kuwandura.

Ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku magara y’abantu OMS ryiteze ko abandura bazobandanya kwiyongera mu gihe ibipimo biriko bikorerwa ibihumbi vy’abantu bitaratanga inyishu.

Amerika ku musi w’Imana yatanguje imisi 14 yo kwugaranira ahantu hamwe abanyamerika baje bava mu ntara ya Hubei, yongera yima uburenganzira bwo kwinjira muri Amerika abatari abanyamerika bagiye mu Bushinwa mu ndwi zibiri ziheze.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG