Uko wahagera

Somaliya mu Bihe Bigoye Kandi Bidasanzwe Kubw'Inzige


Umuyabaga w'umuhungu w'i Samburu muri Kenya ariko yirukana inzige kw'itariki 16/01/2020.
Umuyabaga w'umuhungu w'i Samburu muri Kenya ariko yirukana inzige kw'itariki 16/01/2020.

Reta ya Somaliya yatangaje ko inzige zateye indimo mu gihugu ari ikibazo gihangayikishije igihugu kandi gikwiye kwihutirwa gutorerwa umuti.

Umushikiranganji wa Somaliya ajejwe uburimyi, Said Hussein Iid yashikirije ko izo nzige ari intambamyi ikomeye mu gihugu gisanzwe kiri mu bukene bw’ibifungurwa.

Inzige za mbere zatanguye gushika muri Somaliya mu kwezi kwa cumi kabiri zonona amahegitari 100000 y’imirima hamwe n’ubwatsi bw’ibitungwa.

Umushikiranganji Lid agabisha kandi ko hari uwundi murwi wa kabiri w’inzige witezwe kandi zishobora kuzokwonona vyinshi kuruta.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG