Uko wahagera

Amerika Izogabanya Cane Abasirikare Bayo muri Afrika


Abasirikare b'Amerika bo mu murwi wa AFRICOM hamwe n'abasirikare ba Burkina Faso
Abasirikare b'Amerika bo mu murwi wa AFRICOM hamwe n'abasirikare ba Burkina Faso

Igihugu ca Reta zunze ubumwe z’Amerika kizoguma ku ngingo cafashe yo kugabanya abasirikare baco bari ku mugabane w’Afrika naho ibindi bihugu bivuga ko Amerika ikuyemwo akarenge bizogorana kurwanya iterabwoba.

Mu mubonano yagiranye n’abategetsi bo mu gisirikare c’Amerika i Washington, umushikiranganji w’Ubufaransa ajejwe kwivuna abansi, Florence Parly, yasavye kuri uyu wa mbere Amerika kubandanya gufasha kurwanya iterabwoba,

Umushikiranganji wo kwivuna abansi w’Amerika, Mark Esper, yashikirije ko Amerika ifise ibindi vyihutirwa vyo gukora mu tundi turere tw'isi.

Abategetsi b’Amerika bashikirije ko bipfuza kugabanya abasirikare bashika ku 6000 bari ku mugabane w’Afrika.

Ubufaransa bufise abasirikare bashika 4500 muri Afrika bariko barwanya imihari y’iterabwoba ya reta ya kiyisilamu na al-Qaida mu karere ka Sahel.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG