Uko wahagera

USA: Kobe Bryant Rurangiranwa muri Basketball Yashengeye


Kobe Bryant

Umunyamerika yabaye umukinyi rurangiranwa mu mupira w’amaboko, Basketball Kobe Bryant yitavye Imana mw’isanganya rya kajugujugu mu micungararo y'igisagara ca Los Angeles muri Reta ya California, muri Amerika kuri uyu w’Imana.

Bryant yapfanye n’abandi bantu umunani barimwo umukobwa wiwe w'imyaka 13 igihe iyo ndege yagira isanganya mu misozi y'i Calabasas, ku birometero 65 uva Los Angeles.

Uwo muhisi yari afise imyaka 41 yakinye imyaka 20 muri Shampiyona y’Amerika ya Basketball, NBA, akinira ikipe Los Angeles Lakers. Yagira uwa kane mu batsinze ibitsindo vyinshi.



Facebook Forum

XS
SM
MD
LG