Ibisasu vyo mu bwoko bwa roketi vyaratewe ku kibuga c’indege ku murwa mukuru Tripoli muri Libiya kuri uyu wa gatatu.
Ni mu gihe abashikiranganji b’imigenderanire b’ibihugu vyo muri ako karere bategekanya guhura kuri uyu wa kane muri Aljeriya kuganira ku ntambara muri Libiya.
Ikibuga c’indege c’i Mitiga cahagaritse uruja n’uruza rw’indege amasaha atari make inyuma yo guterwa roketi zitandatu, haheze imisi icenda gusa cari carongeye kwugururwa.
Umushikiranganji wa Aljeriya ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu yashikirije ko bagenzi we bo mu bihugu vya Tuniziya, Misiri, Sudani, Cadi, Nijeri na Mali bahurira i Aljer ku murwa mukuru kurabira hamwe ingene hoba ibiganiro vya poritike bihuza impande zirwana muri Libiya.
Facebook Forum