Uko wahagera

ONU Isaba Amakungu Kwubahiriza Agahengwe muri Libiya


Umunyamabanga mukuru w'ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Antonio Guterres
Umunyamabanga mukuru w'ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Antonio Guterres

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU António Guterres asaba amakungu kuremera impande zirwanira ubutegetsi muri Libiya gukomeza guhagarika imirwano nkuko bavyemeye kandi bongere binjira mu biganiro vya poritike.

Guterres yabibwiye abamenyeshamakuru inyuma y’inama yagiranye n’ibihugu 15 biri mu kanama ka ONU kajejwe amahoro n'umutekano, ababwira ivyapfundikiwe mu nama yabereye i Berlin mu Budagi ku musi w’Imana kuri Libiya.

Ibihugu vyari muri iyo nama vyemeranije kutivanga mu ntambara muri Libiya no kwubahiriza ihagarikwa ry’intambara no guhagarika ibirwanisho vyinjira mur’ico gihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG