Uko wahagera

OMS: Umugera SARS Umaze Guhitana Batatu mu Bushinwa


Abakozi muvyo amagara y'abantu mu Bushinwa batwaye umuntu yafashwe n'umugera SARS, kwi'itariki ya 18/01/2020.
Abakozi muvyo amagara y'abantu mu Bushinwa batwaye umuntu yafashwe n'umugera SARS, kwi'itariki ya 18/01/2020.

Ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku magara y’abantu OMS, ryatangaje ko rigiye gutumako inama yihuta muri iyi ndwi yo kurabira hamwe umugera mushasha wadutse mu Bushinwa, inyuma yaho ushikiye mu bindi bihugu bitatu vyo muri Aziya.

Umugwi w’abahinga ba OMS uzohurira i Geneve mu Buswise kuri uyu wa gatatu kugira wemeze nimba uwo mugera ufatira mu bihimba vyo guhema wiswe Severe Acute Respiratory Syndrome canke SARS mu mpfunyapfunyo y’icongereza wotangazwa ko ari ikiza ku magara y’abantu kw’isi.

Iyi ngingo ifashwe inyuma yaho umuhinga wa reta y’Ubushinwa ashikirije kuri uyu wa mbere ko uwo mugera wamuka ku bikoko kandi umaze guhitana ubuzima bw’abantu batatu, wandukirana hagati y’abantu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG